KANGUKA RWARUKA!

Kanguka rwaruka, ureke gusinzira kandi isinzi ry’ibibazo bibangamiye ukubaho kwawe.

Kanguka ukange Bunebwe kuko yashitse mu rwaruka rw’i Bujumbura abagira abaja, i Ngozi abagira ingogo, i Muramvya ahashitse humvikanye akamo, maze Bunebwe na Bwengebuke bafata urwaruka rwaho, i Muyinga barayinze kubera Bukene abuza urwaruka rwaho gukora, bakazindukira ku ma-ligalas, Tabi na Rumogi ngo kaze rwaruka.

Kanguka kanguka! Reka kuvuga ngo Leta yaraguhevye, kandi yaguhaye ubwenge bwenga ivyananiye Bunebwe, ariko Tiro akaguma aguta i Buti, ntutahure ngo ute akarengeti, urengere kahise ko kuguma uteze amashi, kandi ufise ibikwiye bikwije ibisabwa kugira ngo nawe ube uwutanga.
Kanguka kanguka! Koroka kare ukore kuko gukora ni kwo kugira umuntu ico ari. Kura amaso ku bazungu kuko, uretse ko twaremwe n’Imana imwe, bavuka nk’uko na we uvuka. Ikome ukoze ukuboko mu bwenge bwawe, urabe ko utaba Muzungu. Kanguka kanguka rwaruka, ukure ugukekeranya, ukenyere umukenyero, unyengetere mu minyuro, winyuranganye Bukene. Yari Felix

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s