Akarima k’igikoni .

IMG_20160207_141455
Ingo nyinshi zirafungura imboga ku munsi ku munsi. Ivyo bituma imboga zihurumbirwa na benshi, zigaca zizimba. Benshi bahisemwo kuziyegereza.

Ukuzimbwa n’ico wokwironsa.

Haraheze iminsi abantu batahuye ko inzara yiziziye benshi kandi kuyirwanya kudasaba ibintu vyinshi. Benshi barabonye ko kwama baja kugura imboga kw’isoko vyagenda biba ikibazo ku muntu wese ,na canecane ababa mu gisagara kuko badafise aho bashobora gutera imboga, ubona ko benshi bapanze .
Bafashijwe n’ishirahamwe “care ” abanyagihugu bo mu ntara ya Gitega, komine Gitega, ikaritiye Bwoga barigishijwe ukuntu botunganya akarima kari hafi y’igikoni, kaba gatewemwo ibintu vyose umuntu ashobora gukenera : imbwija, ipwavoro, ipilipili mbuzi, ipinari ibitunguru, ,….
Ako karima karatunganywa ku buryo ibiterwa bitaryana, ubwoko bwose bugatunganirizwa ikibanza ca bwo.
Ako karima karafasha abantu benshi.

Ingene ako karima gatunganijwe.

Mu kugatunganya, bagakora nk’umuzingi, aho igiterwa cose gitegurirwa ikibanza. Barasigaza inzira abazovomera bazocamwo. Ahenshi bifashisha amagunira. Ahandi usanga bakoresheje imisegetera mu kwubaka ako karima.

Akarima gato ariko Kirumara.

Kubera abantu b’i Bwoga basanze ako karima ari ngirakamaro, baciye bafata nkama uwo mugambi. Ubiravye, usanga uwo mugambi wunganira abawitabiriye kuko batagifise ingorane z’imboga.

Ryasize umugani mu bantu.

Ishirahamwe “care” ntirikiboneka cane i Bwoga, ariko ivyo bigishije abantu bo muri ako gace, vyabaye ngirakamaro ku bantu bose. S’abatunzi, s’abakene, bose bihatira gutunganya ako karima.

Abantu mufise ingorane zo kuronka imboga, munyarukire i Bwoga kugira murahure ubwenge, kuko na sogokuru yarayamaze, aho yavuga ati:”Ubwenge burarahurwa”.

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s