Amashure twize ntaco amaze !!

image

Haraciye igihe abakozi ba Leta , na canecane abigisha, bemerewe ko agashahara kabo kagiye kuduzwa, ariko ntivyakozwe nk’uko vyari vyitezwe.

Impapuro z’umutsindo.
          
     Abigisha bagabuye mu mice itandukanye ifatiye ku mashure bize. Hari abatsindiye ukwigisha mu mashure y’intango(D6). Iruhande y’abo , hari abandi batsindiye ukwigisha mu mashure y’intango, mbere bagafasha no mu mashure yisumbuye( D7) Mvuge n’abo baminuje, bize maremare.

Imyaka ibiri y’amashure twize ipfuye ubusa.

       Inyuma y’aho Leta ishiriye mu ngiro umugambi wo kunganisha agahembo k’abakozi bayo, hari umugwi w’abigisha bidoga bavuga ko Leta yabikuye mu kubabesha ngo ibadugirije agahembo. Abo ni bamwe batsinze amashure cumi n’ane (D7).

Igituma abo bigisha bidoga.

     Umwigisha nabajije agira ati: » Twamaze imyaka cumi n’ine twiga, none baduhembera cumi n’ibiri « .
Ndamubajije ikimutuma kuvuga ivyo, yanyishuye ati : » Mu gukuraho ubusumbasumbane bw’agahembo kacu, twafatiwe ku rugero rumwe n’abatsinze amashure cumi n’abiri. Ivyo mwebwe mwumva vyumvikana »?

Ico basaba Leta.

      Wumvirije ukwo bavuga, biratahurika ko batanezerejwe n’ivyo bakorewe. Basaba Leta ko yoreka kubanyanganya

imyaka ibiri y’amashure.
Umwigisha umwe agira ati : » Tucumva ko bagiye gukuraho ubusumbasumbane bw’agahembo kacu , twari twizeye ko bigiye kugenda neza. Vyabaye nka wa mwana yasaba se wiwe umukate akamuha ibuye ».
Ndamubajije ico bagiye gukora avuga ati : » Nta  co tugiye gukora kuko twizigiye ko Leta ibibona. Twibaza ko bazobihindura. Ico ni co twiteze « .

Publicités

Laisser un commentaire

Choisissez une méthode de connexion pour poster votre commentaire:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s