Ntitubona iyo tuzoba turi mu mwaka uza.

image

Inyuma yo gutanguza umugambi wa « Shure Nshingiro  » mu Burundi, abenshi turibaza ingene bizogenda mu gihe aba mbere buca bakora ikibazo  ca Leta.

Igituma benshi bazazanirwa.

        Nta n’umwe ayobewe ko uwo mugambi waje usangaho ubundi buryo bwo kwigisha. Igice ca mbere c’amashure yisumbuye carangirizwa mu mwaka w’icumi. Uwo mugambi mushasha wo kwigisha uzotuma umwaka w’icumi ukurwaho. Hazokorwa ikibazo mu mwaka w’icenda, ari na co kizokwerekana iyo umunyeshure azoca aja.

Intunganyo iteye amakenga.

        Umunyeshure twavuganye, uwo na we akaba yiga kw’ishure rimwe muri menshi ari mu ntara y’indero ya Gitega.  Yambwiye ati: » Ikibazo tuzokora ntawuzi ukwo kizoba kimeze.  Ikibazo kizokorwa n’abazoba barangiza umwaka w’icumi. Abize muri Shure Nshingiro na bo nyene bazokora ico kibazo nyene ». Arongera akagira ati: » Sinzi ko tuzoba turi mw’ihiganwa n’abo tutize bimwe « .

Umugambi mwiza watangujwe mu gihe kitari co.

        Jewe ndemeza ko uwo mugambi ari mwiza. Abana b’uburundi bamwe bamwe bananirirwa mu mwaka wa gatandatu . Benshi baba bafise imyaka iri hagati ya cumi n’umwe na cumi n’ibiri. Abo, nta na kimwe bari bashoboye, uretse ko n’ukwandika kutaba ari ikirenga. Shure Nshingiro yaje kwongera amahirwe abana b’igihugu, kuko bongewe imyaka itatu yo kwongereza ubumenyi. Kubera watangujwe mu gihe co kwiyamamaza, vyaratumye benshi bawufatanya na polike. Ivyo vyatumye haba amazina menshi :
– Mforomantahe,
– Fyondabantaye, n’ayandi mazina menshi. Ivyo  vyari ukwo mu gihe n’abavyeyi bibaza bati : » Ni kuki Leta yashimye kudutera abana bacu bageze mu mwaka w’icenda »? Ico kibazo nticaronkejwe inyishu.

       Umushinge wubakishijwe umusenyi.

       Hari ivyigwa vyari vyatumye uwo mugambi utanguzwa. Ivyo na  vyo ni ivyoshobije umuntu kwitunganiriza umugambi yiwe. Uyu munyeshure yambwiye ati : » Turangije amashure tutize ivyigwa nyamukuru. Simbona neza icatumye bavyita « Nshingiro » ».

     Ibisabwa kugira iryo Shure Nshingiro rikundwe.

Umuntu wese akwiye kugira uruhara mu gusigurira abanyeshure ko ishure ari kazoza ka bo. Bitagenze ukwo, urugero abanyeshure bagezeko mu guheba rwerekana ko muri kazoza ivy’amashure bizoba nk’umugani.

Publicités

Laisser un commentaire

Choisissez une méthode de connexion pour poster votre commentaire:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s