Ibigega vy’i Gitega n’ubuzimbe bw’imbuto.

image

Mu ntara ya Gitega, neza na neza ku mutumba Zege, hariho ibigega vy’ikizungu. Ivyo bigega biramaze igihe kitari gito, ariko ubu nta co bimariye umunyagihugu. Vyose hamwe  ni bitandatu.

Ukuziganiriza kazoza.

        Ku makuru nashoboye kuronka, ivyo bigega vyari vyubatswe kugirango abanyagihugu bazoje baraziganya umwimbu. Bigitangura, bose baraziganya. Uwutaziganya yarafatirwa ibihano. Ivyo vyatuma ata muntu yabura imbuto mw’itera.

Ibigega bikoresha umuyagankuba.

         Mu gihe ibigega vy’ikirundi hifashishwa ingazi mu kubishinguramwo, ivyo vy’ikizungu vyo hakora umuyagankuba. Ivyo vyatuma ata muntu n’umwe yagenda kubikura ngo arinde gukenera ingazi. Impande n’impande yavyo hari ivyatsi bikuze cane. Eka ivyo bigega nta co bikora koko.

     
Ikena ry’imbuto.

   Kubera ata co bikora, imbuto zirakunda kuzimba muri iyo ntara. Ivyo biri ukwo mu gihe hifashishijwe ivyo bigega izo ngorane zogabanuka. Emwe, wihweje ubunini bwa vyo, ntushobora gutahura ingene ubukene bw’imbuto bwugariza abantu bo muri iyo ntara.

Icotuma abantu basubira kubika imbuto.

          Sogokuru yarayamaze ati :”Inka igira amaso manini ariko ntoyibonera “. Nihweje ingene mw’itera haba ubuzimbe bw’imbuto, abajejwe intwaro bari bakwiye gusubira guhimiriza abanyagihugu kugira basubire kuja barabika imbuto. Iryo zimba ry’imbuto rituma abarimyi bakoresha amahera menshi.

  Ubuzimbe bw’imbuto n’igurishwa ry’umusaruro.

         Naho umurimyi akoresha uburyo bwinshi mu gutera, mw’isarura hageze, si ukugura ni ukunoba !
Ibaze nawe : muri iki gihe c’impeshi, ikiro kimwe c’ibiharage vyo gutera kigurwa amafaranga y’uburundi igihumbi n’amajana atatu. Ivyo bimeze ukwo mu gihe mw’iyera rya vyo, umurimyi agurisha ikiro amahera y’amarundi adashika amajana atanu.
Umurimyi ahomba ingerane.

      Birakwiye ko abanyagihugu bigishwa ukutamarira umwimbu wabo mw’isoko, canke babahimirize kuziganya muri ivyo bigega.

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s