Ukurwara kw’ibiti vy’imyumbati n’ikena ry’ifu y’ubududu.

image

Kuva kera na rindi, abarundi bararima ibiti vy’imyumbati. Barafungura umutsima w’ubududu ku rugero rushimishije.

    Ibiti vy’imyumbati bikunda mu ntara zose.

    Nta ntara n’imwe utosanzemwo ibiti vy’imyumbati. Ivyo vyatuma abantu benshi bashobora gufungura umutsima ata ngorane . Bivanye n’intara, imyumbati ikorwamwo ibintu vyinshi. Aha novuga nk’umutsima uzwi kw’izina rya ndindamahiri abenshi bita ubuswage.

      Ukurwara kw’ibiti vy’imyumbati .

         Haraciye imyaka itari mike ibiti vy’imyumbati bisa n’ivyahonye. Ivyo vyavuye ku ndwara yateye ivyo biti. Amababi yavyo arikoberanya. Ico gihe nta myumbati ijako.
Ifu y’imyumbati yahavuye ikena. Igihe iyo ndwara yibonekeza ubwa mbere, induru yumvikanye hirya no hino. Naho abajejwe uburimyi bakoze ibishoboka vyose kugira bayituze, igiciro c’ifu cagumye kiduga cane. Cavuye ku mahera y’amarundi amajana abiri ku kiro, none ubu kigurwa amajana umunani na mirongo itanu.

Akigoro ko kugwiza ibiti vy’imyumbati.

Baragerageje kurondera ubundi bwoko bw’ibiti vy’imyumbati vyimbuka ningoga. Abanyagihugu ntibabikunze. Umutsima wa vyo nturyoshe cane. Ni kwo  bidoga bavuga.  Ndavye ukwo bimeze ubu, ndibaza nti :”Ko bose bahoze, atawukivuga, ya ndwara yaraheze mu biti vy’imyumbati “? Oya namba!

Ingaruka ni nyinshi. Ubu benshi ntibagifungura umutsima wateguwe mu buryo bifuza. Kenshi na kenshi haboneka ifu y’imyumbati yateguwe nabi, ku buryo biba bigoye kwemera ko hovamwo umutsima wofungurwa n’abantu.

      Urwamo rwaraheze ariko indwara irabandanya.

        Mu ntara zimwe zimwe, vyariko biragaruka, ariko harimwo ibirwaye. Ikibabaje ni ukwo nyene umurima amaze kubona ko harimwo ibirwaye, aca abica imitwe. Yibwira ko indwara yoba iri muri arya mababi akoberanye.

       Vyari bikwiye ko abarimyi bigishwa neza. Bakamenya ko igiti cose kirwaye kirandurwa. Aho  ni ho ibisigaye bitokwandura. N’uguturirwa vyoturirwa. Ababijejwe bogerageza kuronsa abarimyi ibiti vy’imyumbati vya kijambere, kuko vyo vyo birinda indwara kandi bikimbuka ningoga.

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s