Ukubura ico wimarira kandi wama ku kazi!

image

Kuva kera ba sogokuru bari bazi kwitunganya. Abantu bari bafise ubuhinga bakoresha kugira ntihagire inzara ibinjirana . Amahera ataraza, barahinda ikibiri mu kurimiranira, mu kwiroynsa ivyo baba badafise, baguza n’abafise ivyo baba bakeneye. Ayo mahera amaze kuza ivy’ikibiri vyasubiriwe no gukorera ayo ku munsi. Abakorera ayo ku munsi baravuga ko ataco bibafasha.

      Intunganyo y’ibikorwa imbere y’umuzo w’amahera.

       Amahera ataraza, ba sogokuru ntibarera amaboko. Baritunganya ku buryo wasanga atakintu ca bo na kimwe kimeze nabi. Baja barashirana, uyu munsi bakarima kwa naka, bwaca bakaja ahandi. Vyaguma ukwo gushika babonye ko bose babakoreye. Vyari bigoye ko hogize uwubura imbuto kuko barakundana. Hageze kwimbura bose wasanga imbuga zabo zanikiyeko ivyimburwa. Bari babayeho neza.

    Umuzo w’amahera n’itimba ry’urukundo.

Ba sogokuru bari batunzwe no gukaba ivyimburwa. Umuntu yaba akeneye nk’ibigori ariko afise ubwishaza, yaca aja gukabisha kw’uwo afise ibigori. 
Amahera amaze kuza, kwaba uguhinda ikibiri, kwaba ugukaba ivyimburwa, vyose vyaciye bihagarara. Benshi bahinduka ba satuntutwanje. Umuhirwe yari uwufise ayo mahera kuko ntaco woronse utayafise.  Ubukene bwagiye buribonekeza mu bantu. Ahahora urukundo hasubira amahera.

    Ugukorera inticantikize !

    Umwe mu bariko barakorera ayo ku munsi yambwiye ati :” Dukorera inticantikize “. Ndamubajije igituma abivuga ukwo, yambwiye ati :” Nirirwa ndarima, ngahembwa amahera atarenga igihumbi n’amajana atanu”. Yabandanije ati :” Vyari bikwiye ko ayo dukorera ku munsi adushoboza gukoresha abakozi natwe. Ariko ntibikunda. Amahera dukorera ntaco amaze”.

     Biraboneka ko abo  bakozi batarira busema. Benshi muri bo ni abakene. Ndabona ko hari hakwiye intunganyo nziza ku buryo na bo bokwiteza imbere.

    Uko bokwirinda akarenganyo bakorerwa.

       Nk’uko abandi bakozi babikora, abaca amahera y’isuka bari bakwiye kuja mu mashirahamwe. Aho ni ho vyoshoboka ko boharanira inyungu zabo. Nyamba ari ugusaba ko badugirizwa agahembo canke kugabanirizwa amasaha bakora, ntivyoshoboka  batagiye hamwe.

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s