Abagwanije umuzo w’igiterwa Stevia ni bo banyuruza umwimbu waco.

image

            Umuzo n’ikwirakwizwa ry’igiterwa Stevia vyateje ingorane abantu benshi.  Bamwe barishwe, abandi barahunga. Ico giterwa cahigwa kurusha urumogi. Ahenshi caturirirwa mu matuta, ahandi hakamomorwa imivyaro yaco. Kurima no kuvuga Stevia ryari ikosa rihanwa na Leta y’Uburundi. Naho benshi batashima kuvugira hejuru, vyaraboneka ko zari imvo za politique. Ubu, abarwanya umuzo n’ikwirakwizwa ry’ico giterwa ni bo banyuruza umwimbu waco.

        Umuzo wa Stevia n’igwanywa rya wo.

        Stevia ni igiterwa cinjiriza amahera menshi abakirima, ndetse n’igihugu. Uwagerageje kukizana mu Burundi yahuye n’ingorane atari yiteze. Hakunda kivugwa ko kidakwije amategeko.

Abajejwe intwaro barahagurutse barakirwanya. Ivyo vyatumwa n’uko cari cazanywe n’umunyepolitike akaba yari n’umugwizatunga. Ntiyari mu mugambwe uri ku  utegetsi . Umugambi waragwanijwe birenze ukwo umuntu yovyibajije.

     Icatuma kirwanywa.

      Kubera ikilogarama kimwe c’umwimbu kigurwa ibihumbi cumi, abanyagihugu baragikunze cane. Baciye bashinga amashirahamwe y’uburimyi kugira biborohere kukirima no kugikurikirana. Ivyo vyatumye umugambwe uri ku butegetsi ubona ko ugiye gutwarwa abanywanyi. Mu kukirwanya, hifashishwa ikintu cose cibazwa ko cari gutuma icotgiterwa kizimangana. Vyarabataye ku wamazi. Amatora amaze guhera, Stevia barayiretse irarimwa n’abavyipfuza bose.

     Inyuruzwa ry’umwimbu n’abagwanije umugambi.

    Mu ntara ya Gitega, commune Gitega, umutumba Bwoga, hari ishirahamwe ry’abarima ico giterwa.
Umurima wabo urimwo ivyatsi vyinshi ku buryo bigoye gutandukanya Stevia n’utundi twatsi. Uwo nabajije igituma badakorera ico giterwa yanyishuye ati :” Twatanguye ishirahamwe tutarenga mirongo ibiri. Haraje abandi binjiramwo ku nguvu. Ubwambere twimbuye ibiro mirongo ibiri. Mu nyuma ntitwasubiriye kubimenya kuko ibiboneka vyose bijanwa muri peremananse y’umugambwe. Ubu ntituzi ukwo bimeze”. Ndamubajije akunguko karimwo, yanyishuye ati :” Ibaze na we, ikilogarama kimwe twakigurisha ibihumbi cumi ! Akunguko karimwo”.

      Ndamubajije ico asaba, yanyishuye ko akeneye kubona basubijwe ishirahamwe ryabo bibwe n’ababarwanirije umugambi.

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s