Bavyara abo bashoboye kurera batagira aho babarerera

image

       Haraciye imyaka irenga cumi abarundi n’abarundikazi bahawe uruhusha rwo kuvyara ku buntu. Mbega itegeko ryiza! Kuva umukenyezi agisama imbanyi,  arakurikiranwa ataco ariha gushika yibaruke. N’umwana yibarutse agakurikiranwa gushika akwije imyaka itanu. Emwe,  sogokuru ati :”Nta nyambo ibura agahonzi”! Uwo mugambi wahavuye ufasha mu gutitura imicokama y’abarundi n’abarundikazi. Eka n’amatongo araga kubera iyo ngingo.

   Ingingo nziza yafashwe mu buryo butari bwo
 
    Ingingo yo kuvyara ku buntu yaje hageze kuko hari abavyeyi benshi bahitanwa n’imbanyi. Bitumwe no kubura amahera yorihwa kw’ivuriro yibarukiyeko,  bamwe bahitamwo kwibarukira mu mihana iwabo. Abihevye ngo baragenda,  vyarashika ntibakirwe kubera ukubura amahera yo kwinjizwa mu cumba co kwibarukiramwo.
   
    Abafise uburyo bubayabaye barahatoreye akoyokwe. Kubera batakunda kuronka amahera yo kuriha,  barahitanwa n’imbanyi ku buryo burenze urugero. Eka n’inzoya nyinshi zarahasigara.

   Ingaruka zazanywe n’iyo ngingo.

     Ababifatira hafi bibaza ko ata ngorane iyo ngingo yazanye. Ingaruka ni nyinshi,  ariko reka mvuge nkenya gusa :
   – Itituka ry’imicokama,
  –  Igwirirana ry’abantu,
  –  Amatongo araga, n’ibindi.

   Itituka ry’imico kama.

   Mu gihe mu micokama y’uburundi kizira kikaziririzwa ko umwigeme avyarira iwabo . Umuzo w’iyo ngingo watumye uwo muco uhonyangwa. Abavyeyi bavyara ku buntu. Inkumi zitagira abagabo na zonyene zikavyara ku buntu. Umukobwa na nyina basigaye bavyarira mu nzu imwe!  Mu duce tumwe tumwe,  ubu bisigaye bigoye gutandukanya umwigeme n’umukenyezi yubatse urwiwe.

  Igwirirana ry’abantu.

Ntawuyobewe ko igwirirana ry’abantu rifatanye n’urugero rw’abana bavuka. Kuva iyo ngingo itangura,  abantu baragwiriye ku rugero ruteye ubwoba. Ivyo vyatumwe n’uko bose bavuga bati :” Naho noyitwara nzoyivyara ku buntu “.

    Ukwaga kw’amatongo.

    Ukuvyara abo bashoboye kurera ni vyiza. Nitegereje ingene amatongo yaze nkibaza nti :” None bazobarererahe “? Ahenshi usanga amatongo yaraze ku buryo n’uwukeneye kwubaka ataronka aho ashinga inzu.
Ivyo bikaba ari ingaruka y’ukuvyara hatisunzwe uko abanyagihugu babayeho.

Ingingo mperekeza zotuma bigenda neza.

      Iyo ngingo yarafashwe ariko habura ingingo mperekeza. Muri zo ni ho bene kuyifata bari gutomora abegwa n’iyo ngingo. Naho haciye imyaka myinshi abana bavuka mu kajagari,  nosaba nyene gufata iyo ngingo ko yoshiraho ingingo mperekeza.
   Ku bwanje,  mbona abohabwa ayo mahirwe boba abubakanye hisunzwe amategeko agenga ingo. Muri ico gihe,  abavyara badafise abagabo bakamenyeshwa ko Leta itazorihira umuntu nk’uwo.

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s