Ukutarihirwa ivya ngombwa vyo kw’ishure bizana ubujuju.

image

Abana benshi bo mu ntara y’indero ya Gitega ni bo bironsa ivya ngombwa kugira bashobore kwiga banarangize amashure. Ivyo biri ukwo mu gihe benshi muri bo ata ngorane baba bafise mu miryango yabo.

Abana bironsa ibikoresho vy’ishure.

     Mu myaka iheze,  nta mwana yagira ingorane iyo yaba akeneye kwiga. Abavyeyi biwe baramuronsa ivyo yaba akeneye vyose. Ubu ibintu vyarahindutse. Hari abana basigaye bironsa ivya ngombwa vyo kw’ishure. Abana bamwe bamwe,  na canecane ababa hafi y’igisagara ca Gitega ntibaruhuka. Vyari bimenyerewe ko iyo umwana wese ahawe akaruhuko aheza agafasha abavyeyi ibikorwa. Hariho bamwe baca bihereza igisagara barondera aho bokorera amahera. Umwana twahuye ariko aratembereza ibitumbura,  ndaheza ndamubaza:
Jewe : Wa muhu,  ko usa n’umunyeshure ?
Umwana : Ego ndi we.
Jewe : Ivyo bitumbura utembereza ni rwawe ?
Umwana : Oya. Ni uwo ndabidandariza.
Jewe : Warahevye kwiga ?
Umwana : Oya,  uburuhuko buheze nzoca ntaha.
Jewe :Barabahemba ?
Umwana : Ego baraduhemba.
Jewe : Ni kuki ufatanya ukwiga n’ukurondera amahera ?
Umwana : Bitumwa n’uko ari jewe nimenya mu bijanye no kwiga.
Jewe : Uri impfuvyi ?
Umwana : Oya sindi yo,  ariko abavyeyi nta co bamfasha.
           Ivyo ukwironsa ibikoresho nari menyereye bikorwa n’abana bavuka ku bavyeyi bakenye. Ubu si kwo biri. Biragoye gutandukanya abana bavuka ku bavyeyi bakenye canke bifise. Mw’itohoza nakoze kubijanye n’abo bana, baba ab’abatunzi,  baba ab’abakene,  bose batanguranirwa kurondera ako kazi.
      Ibituma abavyeyi bamwe bamwe bataronsa abana babo ibikoresho.

       Nagerageje kumenya ibituma abo bavyeyi bataronsa abana babo ibikoresho. Nasanze hari ibituma bitatu :
-Ubukene;
– Ubugaba bw’abavyeyi ;
– Ubugaba bw’abana.

1. Ubukene bw’abavyeyi.

  Naho abana biga mu mashure y’intango ata mahera y’ishure bariha, birashika ugasanga ubuyobozi bw’ishure burabatumye amahera. Ayo mahera iyo atabonetse,  umunyeshure aca yirukanwa.

2. Ubugaba bw’abavyeyi .

    Ubwo bugaba tubusanga mu bavyeyi badashaka ko abana babo biga.

3. Ubugaba bw’abana.

   Hari abana benshi badakunda gufasha abavyeyi babo. Ivyo bica bituma abavyeyi babo babaheba. Nta kintu na kimwe baheza ngo bafashe abo bana.

           Biragaragara ko baba abavyeyi,  baba abana,  umwe wese yari akwiye kumenya uruhara rwiwe.

* Abana bomenya ko ari bo ubwabo bakwiye gutegura ejo habo.

* Abavyeyi bomenya ko kazoza k’abana babo bakwiye kugategura bakiri bato.

Bose bakwiye kumenya ko amashure adafatanywa no gukorera amahera.

Publicités

Laisser un commentaire

Choisissez une méthode de connexion pour poster votre commentaire:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s