Igihendabaja.

image

Abarundi n’abarundikazi batari bake barakunda gufata ingendo,  bwira bagasaba indaro. Mu gihe ingenzi yaba itakurikiranye ingene ibihe bikuranwa,  igihendabaja caramuhenda ngo haracari kare, ariko bwaba bwamaze kwira.

       Urugendo rwa kure .

Umuntu afashe urugendo rwa kure hari aho bishika akaruha. Muri ico gihe, araruhuka, canke agaheba urwo rugendo.

     Ingenzi ntizamenye igihe c’igihendabaja.

          Abarundi n’abarundikazi nka bose barafashe urugendo. Naho bagenda batsitagurika,  ntibatahuye ko ijoro ryashitse. Vyavuye ku gihendabaja.
Benshi bakurikira ico gihendabaja. Abatagikurikiye bama mu muzimagiza.

          Ivyiyumviro vyo kwibesha.

         Nitegereje, mbona abarundi bataribake bibagora gutahura ibihe barimwo, kuko igihendabaja ari co kibamurikiye. Ivyo bakora vyose babikora nk’aho umengo abandi bantu nta bwenge bafise. Mbona bahagaze ku muco watswa n’igihendabaja. Uwo na wo ubonesha igihe gito. Kubera abari inyuma y’igihendabaja batabona iyo berekeje, bagenda baratsitagurika. Baba bafise intumbero yo gusigurira bose igihendabaja, ariko rimwe na rimwe ntivyoroha kuko hari ho abamaze kubona ko umuco wamaze kwaka.

       Ingaruka zo kutaja inyuma y’igihendabaja.

     Naritegereje igihendabaja. Uwutocitondera yogira ngo umuco ukivako ni wo, ariko uravye neza, usanga ari umuzimagiza wibereye aho !
Kubera uwo muzimagiza, ibintu vyose babikora mu buryo budatahuritse. Ubiturire ni vyo biranga igihendabaja. Mu gihe itari inyuma ya co, ubona umengo vyose ni vyiza. Ariko, inkururu y’ikuzimu uyibaze ikizinu.

            Umuhigi ntarabira iyihaka !

   Umushikiranganji w’abakozi n’akazi yaratangaje atarya umunwa ati :”Uyu mwaka mu gutanga akazi bazohera ‘kuri abo bose barangije amashure kera ntibahabwe akazi “. Rimwe na rimwe nibwira ko hari bamwe biyumvira ko ibikorwa bitaboneka ! Maze kubona imvugo itajanye n’ingiro, nararondeye ukuntu ako kazi katanzwe.
Hari umugwi w’igikanganyoni washinzwe mu ntara y’indero ya Gitega. Uwo mugwi ni wo wari ujejwe gutanga ako kazi. Ni ko vyari vyavuzwe. Mbonye ko hahawe akazi abatsinze vuba hirengagijwe abatsinze kera, nasanze ari urugendo rurerure. Ibaze nawe :
Uwuhabwa akazi yatangwa n’abantu batatu :
   – Umukuru w’umugambwe muri Komine ;
   – Musitanteri ;
  -Uwujejwe indero muri Komine.
Uko ni kwo akazi katanzwe mu makomine nka yose ya Gitega.

Umuntu wese atari azwi aha na hariya ntiyaronse.

Mu buzima umuntu afise uguhitamwo :
-Gukurikira nk’intama ugatakaza vyose canke ugahitamwo umuco n’ukuri.

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s