Ubwononyi butumwa n’inzoga zitemewe n’amategeko bwabaye ndanse.

image

         Ubwononyi buturuka ku nzoga zitemewe n’amategeko buragisibije mu ntara ya Gitega, komine Gitega, umutumba Bwoga. Abarimyi, aborozi n’abadandaza bo muri ako gace baguma bibwa utwabo. Ivyo bimeze ukwo mu gihe abajejwe intwaro babifata ibisanzwe.

Igituma ubwo bwononyi bukorwa.

         Kubera ako gace karangwamwo abantu  bakora izo nzoga batari bake, hari abagabo bamwe bamwe, abakenyezi bamwe bamwe ndetse n’igice kitari gito c’urwaruka bazindukira mu bunywero. Aho kuzindukira ku mirimo, bobo bazinduka barihereza ivyo binyobwa. Ivyo bituma baborerwa mu masaha yo mu gitondo. Akazi ntubabwire.
       Abagize ngo bagiye kurima, bafata isuka isaha zitatu zo mu gitondo. Aho rero isaha zitandatu z’umutaga ntizibatanga, baca bataha.

       Bazindukira mu bunywero bakagorobeza kwiba.

         Bitumwe n’ukwo bazindukira muri izo nzoga ntibaje ku buzi, mpora nibaza iyo bakura amahera basoroza. Abarimyi,  aborozi , eka mbere n’abadandaza ni bo biremetse ingaruka z’ukwo kudakora.
Umurimyi Tarasisi yateye umurima w’ibitoke vya kijambere muri iyo micungararo ni we abizi. Uwo murima wiwe urateye ikigongwe. Ibitoke vyinshi bihanyagurirwa hejuru. Ikibabaje gusumba ; ntivyeze.
Imirima y’ibijumbu irasoromwa, ibiharage birarandurwa, n’ibigori ntibisigara. Aho hose bikinga umwiza . Kubera ubwo bwononyi nyene, hari ibiterwa vyahebwe : ibiraya, amasho, imboga n’ibindi vyoroshe kurandura.

           Akigoro k’abajejwe umutekano.

         Mu gihe abajejwe intwaro babifata ibisanzwe, hari igihe abajejwe umutekano bazituza. Igitangaje ni uko n’abo bafashe baca babarekura ata n’umwanya uheze. Ivyo bafashe, zaba inzoga canke ibikoresho, iyo nyene vyo atabigomboye vuba, bica bigurishwa ku bandi. Inzoga yo ntawuyobewe ko ikundwa na bose !

       Imyidogo y’abononerwa.

      Abantu bononerwa baridoga: “Ntidutahura igituma ababijejwe batohagurukira rimwe bakadukurako izo nzoga zituma twononerwa “.

Ku bihweza ibintu n’ibindi, baremeza ko ata terambere rishoboka muri ako gace kiganziwe n’imborerwa nyinshi. Ubusuma bwaho burenze ugutahura.
Vyari bikwiye ko zituzwa kugira ubwononyi buhagarikwe.

     Ntakidafise akamaro.

       Naho aba na bariya basemerera ngo ni zituzwe, abadandaza mu mabutike ntibaheza ngo bashime iyo ngingo. Ivyo bitumwa n’uko iyo vyatujijwe neza badasubira kugurisha neza ibidandazwa vyabo. Ivyo na vyo bizana uruhombo.

Ibinezereza bamwe bibabaza abandi.

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s