Amasaka yavuye mu nda y’umwamikazi !!

image

   Mu gihe ba sogokuru bahendwa ko umwami yavukana imbuto, hari n’abibwira ko intwaro ya Cami  igiye kugarukanwa mu Burundi. Aha nkaca nibaza nyamba abarundi bazokwemera ko hari umuryango uvukana imbuto.

       Ivyipfuzo ataho vyoshikana umuntu.

     Mu gihe benshi bamaze kugira amakenga ku bijanye n’igarukanwa ry’intwaro ya Cami, jewe mbona ari ugutakaza umwanya, canke agasamazo. Ibi ndabivuga kubera hari ibintu vyinshi intwaro ya Cami yakoresha, izi neza ko ari ibinyoma, kandi vyaremerwa. Nk’akarorero:
– umwami w’Uburundi avukana imbuto;
– umwami ntabona ikiyaga;
– ukunyaga ; …. . Nagomba mbaze uwo yipfuza kugarukana intwaro ya Cami mu Burundi:” bizomworohera kwumvisha abarundi ko umuntu yovukana intete z’amasaka mu biganza”? Utwo ni uturorero dukenya muri twinshi twaranga intwaro ya Cami. Ariko bigaragara vyari ibinyoma.

      Akarimi karima hanini.

      Ukwibwira ko intwaro ya Cami ishoboka mu Burundi bwa kino gihe, ntaho bitaniye no kuduga umusozi utazomanuka. Kwiyita umwami biroroshe. Ariko, dufatiye ku migirwa yakorwa i bwami, biraboneka ko kino gihe vyoba bigoye kwumvisha abarundi.

   Imigambwe yoteshwa agaciro.

          Kubera abami bavuka mu nda imwe, ivy’imigambwe nta gaciro vyoba bifise, mbere no gufutwa yoca ifutwa. Ivyo vyoba mu ntumbero yo kunumya uwundi muntu wese yipfuza ubutegetsi. Ariko haguma hari ibibazo vyinshi.

             Hari igihe umuntu yibwira ko gukora iki canke kiriya biroroha, na canecane iyo atahaye agaciro iyo ibihe bigeze. Abarundi ba kinogihe ntawopfa kubahenda kuri ibi canke biriya. Nosaba abantu bose bibwira ko bogarukana iyo ntwaro, biyumvire iyo Uburundi bwavuye. Ivyabushikiye, naho tubifatira hejuru, n’intwaro ya Cami ibifise mwo uruhara. Boraba ntibatuganishe kw’isubiranyuma.

Advertisements

Ni ukuhe kuri kwa kahise bazovuga ?

image

  
            Sebarundi ni ijambo ry’ikirundi abantu bakunda gukoresha. Kubera ko ukurivuga n’ico  risigura ari ibintu bibiri bidasa, hari igihe umuntu arikoresha mu kibanza n’umwanya bidakwiranye na ryo.

          Intahuro ya Sebarundi.

      Mu bisanzwe, Sebarundi ni ijambo rizwi cane. Rikoresha iyo bashaka kuvuga uwurongoye abandi ku rwego rw’igihugu. No ku ntwaro ya Cami iryo jambo ryarakoreshwa. Nkunda kwibaza nti :“Ni ukuhe kuri abana ba kino gihe bazomenya kuri kahise k’Uburundi ? Mbega iyo nyito Sebarundi, yoba ihwanye n’ibikorwa babonesha amaso yabo“? Yoba ihwanye n’igihe tugezemwo ?

   Ibiranga Sebarundi.

          Sebarundi ni umutware. Atwarira bose ata nyagupfa canke nyagukira . Ibintu vyose bitunganijwe ku buryo n’abidoga bataronka ivyitwazo.
Naho biri ukwo, urwaruka rwa kino gihe rwavukiye mu nkoho n’ubwicanyi bufatiye ku bintu bibiri:
– Ubwoko ;
– Ivyiyumviro vya politique.
Umuntu abonye mugenzi we yicwa canke apfungwa azira ubwoko canke umugambwe, abatware barorera,  womwumvisha gute ivya Sebarundi?

      Imvugo itajanye n’igihe.

          
         Mu gihe abarundi benshi bakoresha iryo jambo, rimwe na rimwe nibwira ko bataba babanje kwiyumvira ibihe turimwo. Ku ntwaro ya Sebarundi,  ntiboravye ibi canke biriya. Iki gihe biragoye kugira ico ukorerwa mu gihe umugambwe urimwo utazwi. Igihugu cuzuye urwaruka rwatsinze amashure, ariko ntirwagira amahirwe yo kuronswa akazi. Mu vyatumye bataronswa akazi n’ivy’imigambwe vyaragiyemwo.
Umwe mu rwaruka twayaze ku vyerekeye iyi mvugo, yambwiye ati:”Nihweje ingene abandi birirwa bararonswa akazi, nanje nkaba maze iyi myaka yose narakabuze, kandi naje nize nk’abandi, iyo muvuze iryo jambo bintera umubabaro”. Ndamubajije ijambo wewe yokoresha mukibanza ca ryo, yanyishuye ati :”Noshiraho Semugambwe “.

          Birazwi ko muri kino gihe vyose bikorwa hisunzwe imigambwe. Umuntu yogomba gutunganiriza abantu ntiyohagarara ku mugambwe. Mu gihe vyifashe uko, aba na bariya ntibaheza ngo batahure kumwe iryo jambo. Bamwe  mu kibanza ca Sebarundi, bashiraho Semugambwe.

Uruhigi rwarahindukiye!!

image

     Mu gihe mu myaka iheze abantu nka bose bahurumbira ukwiga, ubu hoho vyarahindutse. Amashure ya kino gihe asigaye abonwa nk’ingorane. Jewe bisigaye binsiga.

Naho utabibabaye biragushikako na we.

             Haraciye iminsi ubushikiranganji bw’inderero bumenyesheje ko amahera bwahora buha ubuyobozi bw’amashure atazosubira kuboneka. Mu nama yakoresheje abayobozi b’amashure  , uwuserukira indero mu ntara ya Gitega agira ati:” Ntihaze hagire umuyobozi aja gufata amadeni ngo Leta izoriha “. Yongeyeko ati :” Umuyobozi wese azogira ico akenera azokwimenya iyo akura amahera yo kubikoresha “.
Abayobozi bamwe bamwe ntibabitahuye. Bacijijanya imitima, uwurongoye intara yongeyeko ati :”Na ka gatike twahora tubaha ntikaboneka. Nta buryo dufise”.

     Ingaruka z’iyo ngingo ku banyeshure n’abavyeyi.

        Abanyeshure bari bamenyereye ko ibijanye n’ibibazo atangorane vyahora bibatera. Eka n’abavyeyi ntibari bamenyereye kurihishwa bene ayo mahera. Kubera iyo ngingo yo kudasubira kubaronsa uburyo bwo gukora, abayobozi bamwe bamwe bariko batoza amahera yo kuzokoresha mu kwandikisha no kugwiza ibibazo birangiza umwaka. Uwutayatanze ntazoba arekuriwe gukora ivyo bibazo bizotangura ku magenekerezo ya 13/6/2016.

      Uruhigi rwarahindukiye.

        Ndavye ingene ibintu bitunganijwe mu mashure y’abigenga, nasanze ata mashure ya Leta akihari.
Ehe na we ivyo  Leta yakora:
      – yarubaka amasomero ;
      – yaragura ibitabo ;
      – yamenya ingene itunganya ibibazo.
   Ivyo bidonzwe aho hejuru bisigaye ari igikorwa c’abanyeshure n’abavyeyi babo. Ivyo na vyo bituma bidoga.

Bavugira mu ntamatama gusa.

    Mugihe bikorwa ku nguvu ;abavyeyi baridoga cane. Uwo twavuganye yambwiye ati :”Sintahura ingene twotozwa amahera yo gutunganya ibibazo. Barapfuma batumenyesha ko bayashize mu minwe y’abigenga “.

        Umuntu yitegerje uko indero isigaye itunganijwe, biraboneka ko ata gikozwe , ivyo kwiga bishobora kwibagirwa, ubona ko na bakuru babo barangiza amashure baca bagura isuka, abandi bakaja ku marigara.
Sinzi wewe ingene wakira ukwo kuntu ibijanye n’amashure bisigaye bikorwa n’abavyeyi.
Ndumva umengo mvuze ko indero itacitaweho, nta kinyoma coba kirimwo.