Uruhigi rwarahindukiye!!

image

     Mu gihe mu myaka iheze abantu nka bose bahurumbira ukwiga, ubu hoho vyarahindutse. Amashure ya kino gihe asigaye abonwa nk’ingorane. Jewe bisigaye binsiga.

Naho utabibabaye biragushikako na we.

             Haraciye iminsi ubushikiranganji bw’inderero bumenyesheje ko amahera bwahora buha ubuyobozi bw’amashure atazosubira kuboneka. Mu nama yakoresheje abayobozi b’amashure  , uwuserukira indero mu ntara ya Gitega agira ati: » Ntihaze hagire umuyobozi aja gufata amadeni ngo Leta izoriha « . Yongeyeko ati : » Umuyobozi wese azogira ico akenera azokwimenya iyo akura amahera yo kubikoresha « .
Abayobozi bamwe bamwe ntibabitahuye. Bacijijanya imitima, uwurongoye intara yongeyeko ati : »Na ka gatike twahora tubaha ntikaboneka. Nta buryo dufise ».

     Ingaruka z’iyo ngingo ku banyeshure n’abavyeyi.

        Abanyeshure bari bamenyereye ko ibijanye n’ibibazo atangorane vyahora bibatera. Eka n’abavyeyi ntibari bamenyereye kurihishwa bene ayo mahera. Kubera iyo ngingo yo kudasubira kubaronsa uburyo bwo gukora, abayobozi bamwe bamwe bariko batoza amahera yo kuzokoresha mu kwandikisha no kugwiza ibibazo birangiza umwaka. Uwutayatanze ntazoba arekuriwe gukora ivyo bibazo bizotangura ku magenekerezo ya 13/6/2016.

      Uruhigi rwarahindukiye.

        Ndavye ingene ibintu bitunganijwe mu mashure y’abigenga, nasanze ata mashure ya Leta akihari.
Ehe na we ivyo  Leta yakora:
      – yarubaka amasomero ;
      – yaragura ibitabo ;
      – yamenya ingene itunganya ibibazo.
   Ivyo bidonzwe aho hejuru bisigaye ari igikorwa c’abanyeshure n’abavyeyi babo. Ivyo na vyo bituma bidoga.

Bavugira mu ntamatama gusa.

    Mugihe bikorwa ku nguvu ;abavyeyi baridoga cane. Uwo twavuganye yambwiye ati : »Sintahura ingene twotozwa amahera yo gutunganya ibibazo. Barapfuma batumenyesha ko bayashize mu minwe y’abigenga « .

        Umuntu yitegerje uko indero isigaye itunganijwe, biraboneka ko ata gikozwe , ivyo kwiga bishobora kwibagirwa, ubona ko na bakuru babo barangiza amashure baca bagura isuka, abandi bakaja ku marigara.
Sinzi wewe ingene wakira ukwo kuntu ibijanye n’amashure bisigaye bikorwa n’abavyeyi.
Ndumva umengo mvuze ko indero itacitaweho, nta kinyoma coba kirimwo.

Publicités

Laisser un commentaire

Choisissez une méthode de connexion pour poster votre commentaire:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s