Aho inkuba iciye ntawusubiraho!!

image

Kuva kera ba  sogokuru bari basanzwe bafise ivyo baziririza. Nk’akarorero, carazira kikaziririzwa gucana igiti cakubiswe n’inkuba. Ivyo rero vyaraba umurundi wese. Ukwo kuziririza ni na kwo kwatuma umuco n’akaranga bidatituka. Na bugingo n’ubu, ugutinya ikintu cakubiswe n’inkuba biracibonekeza mu  barundi.

   Inkuba ni iki?

Ni ikintu kitaboneshwa amaso, kizanana n’imvura irimwo imiravyo n’imituragaro ariko kikabonekera ku vyo  cononye. Inkuba ikubita abantu n’ibintu. Iyo ikubise umuntu, akenshi aca apfa. Hari uwugira Imana akarusimba. Abenshi mu  bakubiswe n’inkuba bakarusimba baremeza ko inkuba isa n’isake y’igitare, ifise ibizara n’ikinwa birebire kandi vyigonze. Aho iciye harangwa n’uko ibihari vyose vyononekaye: ibiterwa, ibitungwa, abantu,…, eka ibinyabuzima vyose birononekara. Abantu bakunda kugendereza ibihe, iyo hariko havuga imiravyo n’imituragaro vyinshi, barahagarika umutima bibaza ko  inkuba ishobora kwonona ibintu.

Ico inkuba yakubise kirazira kugikoresha ikintu na kimwe.

     Kuva na kera, inkuba yari iteye ubwoba. Abarundi bose  baratinya ikintu inkuba yagendeye, kandi n’ubu biri ukwo.

Mbega vyagenda gute  iyo inkuba yakubise abantu n’ibintu?

Iyo inkuba yakubise abantu n’ibintu, umukurambere wo muri uwo muryango ni we yaheza akivuga ati:” Iraduhaye ntiyahaye bake“. Baraheza bakazana umupfumu agateraho umugombe.
Abo muri uwo muryango baca biyoga, bakinyukurisha umugombe. Ibitoke vyose vyaba vyashikiriwe vyaratemwa kuko vyaca bibora mu mwanya muto. Ibiti baca babirekera aho, gushika vyihenuye.

  Imiziro y’igiti cakubiswe n’inkuba.

Igiti caba cakubiswe n’inkuba nta co caheza ngo gikoreshwe.
Emwe, ntawovuga ngo ni ukubera inkwi zitari bwa kene, kuko na bugingo n’ubu bimeze ukwo. Naho vyari uko, hari aho vyashika bakagicana. Aha, wibuke wa mugani wa
Sokuru ati:”Ikizira barazirura”.

   Mbega ni inde yari  arekuriwe gucana igiti cakubiswe n’inkuba?

  Umukurambere nabajije agira ati:”Kirazira gucana igiti cakubiswe n’inkuba. Iyo bishitse na ho, vyasaba uwo ariko aragicana aba atararenga ibigo na rimwe”. Ndamubajije ingaruka mû gihe uwarenze ibigo yoba yacanye ico giti, ukuri ni uwo yanyishuye:” Uwarenze ibigo ntashobora gucana ico giti. Cari gifise ingaruka mbi ku bantu nk’ abo  kuko baca bazana imirabagu ku matama”. Yongeyeko ko  mû gihe bashaka kuraba ko  umuntu yarenze ibigo bamuha ibisate vyasatuwe ku giti  cakubiswe n’inkuba akabicana. Babonye atazanye imirabagu akaba arusimvye, yayizana  Nakamura mû gisumanyenzi.

   Kubera amashamba cimeza asa n’ayari ku mahonero, ibiti vyakubiswe n’inkuba si ikirenga. Ariko, naho biboneka ko  hari ubukene bw’inkwi, na n’ubu bene ivyo biti ntibicanwa.

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s