Vyose bisigaye bitacitaweho. 

Mu myaka iheze, abadandariza mu mabarabara canke mu bibanza bitazwi ntibakundirwa kwanda ivyashara vyabo batabikingiye inkungugu. Ivyo, nk’uko ibindi vyose vyagiye birata agaciro, na vyo vyaratituwe cane. Ubu usanga abo badandaza banikiye ibidandazwa vyabo hasi, naho vyoba bitumukirwa.  Ibaze nawe nko kwanda ibitumbura hasi, ibiyoba, amavoka, ibikaju vyovyo ntawokwirirwa arabivuga. 

Abajejwe amagara y’abantu bagiye hehe ? 

Umuntu aravye ingene bimeze, yoheza akibaza Iyo abajejwe amagara y’abantu bari. Usanga ivyo bidandazwa vyabo vyuzuyeko inkungugu ku buryo n’uwuguze abanza kubihungura inkungugu. Benshi bagura bariraho, nkaheza nkibaza igituma abatware bamwe bamwe batacitaho amagara y’abantu bajejwe. Nohamagara abajejwe intwaro guhaguruka bagatuza urwo rudandaza rushobora gukwegera akarambaraye igihugu cose. Ndavuga simvura. 

Advertisements

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s