innovations

From musician to producer

Cadeau was known as a church music songer. Nowadays he is a producer at his Jazz Record Studio at Nyamugari quarter.

MenyaNews

Publicités
innovations

Ntucike intege

Canditswe na Canon Felix Ndereyimana

Abantu benshi iyo bariko barakora ibintu bagahura n’ingorane baca bacika intege, bagaheba ivyo bariko barakora bitwaje ko bitokunda ko babandanya. Benshi bakwiye kumenya ko umuti w’ingorane atari uguheba, ahubwo kwobaye ukurondera imvo n’imvano ya zo hanyuma hagatorwa umuti urama. Ikinyamakuru Menya News Paper caraganiriye n’umusohozi w’indirimbo NSHIMIRIMANA Cadeau aho asanzwe akorera. Ni umusore. Afise impamyabushobozi mu vyo kubungabunga amagara y’imashini nyabwonko A2. Twari dukeneye kumenya ingene yagiye aratera intambuko gushika abe umusohozi w’indirimbo. Yaravuze ingene yatanguye, ibandanya ryiwe, ivyo yashoboye, ivyamunaniye n’ico asaba bamwe n’abandi. Mu gihe n’abaririmvyi bisa nk’aho batazwi cane canke ngo bagire akunguko kanini muri uwo mwuga, mbega abasohozi bobo bimeze neza?

Twamusanze mu ntara ya Gitega, muri Nyamugari, ibarabara rya 5, inomero 106. Yatubwiye ati: »Mu 2003 narashinze ishirahamwe ry’abaririmvyi. Ryitwa Orchestre Abagumyabanga. Twategurira mu nzu y’ihuriro ry’urwaruka ya Gitega. Intumbero kwari ukuraba no gutorera umuti ingorane zihanze urwaruka mu vy’umuziki. Twari dufise ibicurarangisho bikwiye. Ubwa mbere twabanje kwigishanya gucuraranga. Hariho inanga y’ikizungu, ibitari, ingoma,… . Uku kwigishanya kwadutwaye umwaka wose. Kuva 2004 twaratanguye kuririmba. Twarakora ibiteramo. Amafaranga twaronka twaraheza tukayagura ingemu twashira abapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega. Mu 2012 ni ho bamwe mu bagize ishirahamwe baja hanze y’igihugu. Ntitwasubiriye kuririmba nk’uko twahora. Ishirahamwe riba rirasambutse. Naciye ninjira mw’ishengero aho nabandanije nunguka ubwenge mu vyo gucuraranga. Namazeyo imyaaka ine. Mu 2016 nahavuye ntangura kugira ubushakashatsi bw’ingene nosohora indirimbo zanje hamwe no kumenya ibikoresho bikenewe. Vyaransohoje uburyo. Umwe mu bo twari kumwe mu mugwi twaraganiriye kuri ico kibazo. Twaciye dutangura kuziganya make make. Ni yo twahavuye tuguramwo ibi bikoresho ubona. Mu 2017 ni ho twugurura iyi studio yitwa Jazz Record Studio. Aha turapanze. Dusohora indirimbo z’abarundi n’abatanzaniya. Indirimbo dusohoye itatugoye irihishwa ibihumbi mirongo itatu. Turamaze gusohora izitari nke tutonamenya igitigiri. Ariko hari aho tubaha akaganuke! Turacabura icuma kirongorora amajwi. Abaririmvyi benshi baza mu ci. Kuva ntanguye ibi bikorwa ubuzima bwanje bwarahindutse. Ndironsa ivyo mfungura, ndirihira inzu hamwe n’ibindi vya nkenerwa. Ico nosaba abaza batugana, n’ugutegura indirimbo neza ku buryo ukuyisohora bitodusaba umwanya munini. Abo dukora bimwe bogerageza gusohora indirimbo zikundwa na benshi. Kubera abasohora indirimbo basa n’abatazwi mu Burundi, hari abaririmvyi batari bake baja kuzisohoreza hanze. Ndabateye akamo ngo bikubite agashi. Nteye akamo uwo wese yumva hari ico yofasha ko yotwiyumvirako. Nsaba Leta ko yotwitaho, mbere ikadufasha kumenyekana no gukora indirimbo neza mu gutunganya inyigisho nkarishabwenge kurya ibikorera abandi ».

Menya News

menyafoundation@gmail.com

innovations

Ingabirano z’urwaruka no kwironsa akazi

Canditswe na Rénovat Ndikumwenayo.

Biraboneka ko urwaruka rwugarijwe no kubura akazi n’ubukene butagira izina. N’ubwo biri ukwo, hari urwaruka rw’imboneza rushoboye kwitunganiriza imigambi rutiriwe rurazera inze, mbere rukanatanga akazi. Nsabimana Cyprien ni umusore wo muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba. Afise imyaka mirongo itatu. Afise impamyabushobozi y’amashure yisumbuye mu gisata c’amategeko A2. Arangije amashure yaciye yiga gukora amasabune kugirango bikunde yironse akazi anakaronse urundi rwaruka. Amaze kubimenya yarashinze ishirahamwe ry’urwaruka rwamaze amashure rubura akazi. Rigizwe n’abantu mirongo ibiri na batanu. Ryitwa Terimbere. Ryatanguye rikora isabune yo kumesura, ubu rikaba ritanguye gukora umuti wo gusiga ibirato. Intumbero nyamukuru ni iyo kuronsa akazi urwaruka. Uwikaronse ahembwa ibihumbi 50.000 vy’amafaranga y’Uburundi ku kwezi.

Umutahe ntuba muto.

Mu 2016 ni ho natangura uwo mugambi. Natanguje ibihumbi icumi n’umunani. Izo nakoze ubwa mbere nazungutseko ibihumbi indwi. Vyanteye gutahura ko isabune zo kwisiga zikundwa cane. Nagumye niyungura ubwenge mu gukora amasabune meza yo kwisiga. Ndamaze kwigurira ikibanza i Bujumbura. Narashoboye no kugura iforoma yo gukoresha. Vyose hamwe vyarantwaye ibihumbi amajana umunani. Naragiye gukaeisha ubwenge mu mashirahamwe atari make. Nararonkejwe urupapuro rwitiriwe ukwitanga. Ndamaze no gusohora abasore babiri banonosoye ivyo gukira amasabune. Bagiye gukora muri CANDERA, ishirahamwe riri i Bujumbura. Bahembwa umushahara ufadika kandi bafise uburaro bwiza. Ivy’ubushomeri barabaza. Nohanura urwaruka nka nje kureka kwicara barindiriye akazi batazi iyo kazozanana. Bakwiye gukura amaboko mu mpuzu bagakora ».

Biraboneka ko kino guhugu kurimwo urwaruka rw’inkerebutsi, umwete n’ubwira, rushoboye kwiteza imbere rukanateza imbere urundi rwaruka. Ni akarorero keza ku rundi rwaruka. Ntawoguma arindiriye akazi ka Leta kuko ntakahari; kanatsinda akimuhana kaza imvura ihise. Hakwiye gushirwaho umugambi wo gushigikira urwaruka nk’urwo n’amashirahamwe ruhurikiyemwo kuko, iyo ishirahamwe nk’iryo ririko rikorera mu gihugu cose, urwaruka ruheza amashure rwohatorera akoyoko. Bigenze ukwo, ubuzi bwogwira, ubukene tukaba tubusezeye.

Menya News

menyafoundation@gmail.com

innovations

Never give up

By Canon Felix Ndereyimana.

Some guys loose strenght when they meet problems. They give up what they were doing claiming that continuation is impossible. Menya News Paper met Nshimirimana Cadeau at his studio. The question was to know his evolution from music player to producer. What he told to the journal is a quiet testemony of continuation, even in case of heavy problems. He is graduated with Technic Diplôma A2.

If singers do not have rights, what of producers? Met at Gitega Province, Nyamugari quarter, 5th venu No 106, Cadeau told to us: » in 2003, I founded a team of singer known as Abagumyabanga Orchestra. Our place of practice was Gitega Youth Center. The target was to find out the problems of the youth in singing and producing music. We were equiped. The main task was to teach each other how to play piano, guitar, drums,… . Sometimes we organized public concert. The money we collected in that case was to go to visit Gitega central prisonners. In 2012, some of our team members went out the country. All was stopped and it was the end of our team. I decided to attend a church. In that church, I played piano, guitar or drums for four years. Since 2016, a friend of mine asked me if it was possible to produce songs. My answer was a big Yes. We begun to save a little money till we buy this stuff you see here. I also spent money in order to study how to produce good songs. I had to find out what kind of stuff we will be using. We still in need of a mixer. This Jazz Record Studio was openned in 2017. Since that time, I produced so many songs that I cannot remember the number. Singers from Burundi and Tanzania are our costumers. One song is payed 30.000BIF. We also organize a promotion. Many of our customers come in the sunny season. Since I am a producer, my life has changed. Now, I am able to pay house rent, food and other things. My recommandation to our customers is to prepare well their songs in order to facilitate their production. Producers like me are called to give good services: producing good songs. The producers are not known in Burundi beceause most of burundi singers go to produce their songs out of this country. I beg the government to take care of us and promote our job. For instance, why not to organize teachings where producers will gather together? We need teachings.

Menya News.

innovations

Peu à peu on peut

Par Felix Ndereyimana

Alice est une entrepreneur. Elle est âgée de 22 ans. Native de la province de Bujumbura Rural, Zone Ruyaga et sur la colline Bigwa, elle fait la fierté des jeunes filles capables de réaliser leurs rêves. En regadant ce qu’elle est en train de faire, on remarque qu’elle prépare son avenir. Elle est élève, elle a un centre de transformation du jus et confiture et elle est aussi boutiquière. Tout le monde peut se demander comment elle parvient à faire toutes ces activités.

Quand je lui ai demandé de nous dire un peu d’elle même, elle a répondu: » En 2008, j’étais âgée de 12 ans. Care International, dans son projet ishaka nous a enseigné l’epargne. Regroupées au sein des groupes solidaires, nous étions appelées d’épargner 200fr par semaine. L’objectif était de pouvoir épargner 10.000 fr toute l’année. Au paravant, nous nous disions que la somme épargnée était très minime. Après quelques mois, j’ai demandé un prêt qui m’a permi d’acheter la farine de manioc à revendre. Quand la farine était terminé, je devrait remettre l’argent. En ce moment, j’ai demandé un autre prêt plus grand que le premier. C’est à partir de là que j’ai ajouté du riz. J’ai continué le commerce. Un peu après, j’ai ajouté les haricots, le petit pois, de la bouillie,… . Maintenant, je vends beaucoup d’articles. Je peux couler le stock deux ou trois fois la semaine. J’ai beaucoup de clients. Mon capital s’élève à plus d’un million.

L’argent ne peut pas stopper mes études.

Beaucoup de gens pensent que quelqu’un ne peut pas être en commerce et être élève en même temps. Pour moi c’est possible. Je vais acheter les denrés que j’amène à l’aide d’un taxi ou une moto. Quand je vais à l’école, je laisse un employé dans la boutique. Dès mon retour, je viens dans la boutique. Je ne vit pas en ville et je suis obligée de prendre bus; surtout quand je suis en retard. Au cas contraire, je m’y rends à pieds. Mes parents s’acquitent des frais scolaire. Quelques fois, je les aide à payer ces frais. Je n’ai aucun problème. Mes études vont de bon train. Lorsque je ne suis pas à l’école, je vais dans ma boutique. Ceci signifie que j’étudie la nuit.

Les activités agricoles.

En face des études et du commerce, je fais l’agriculture. Les produits de cette agriculture sont transformés en jus et confiture. Tout ça accroît mon capital. Grâce à ces activités agricoles, j’ai étais choisie pour représenter le Burundi au Benin. Dans notre pays, la tradition et la coutume traitaient la fille comme étant incapable. Quelle manipulation! Je lance un appel vibrant aux élèves en général et aux filles en particulier de ne plus croiser les bras. L’argent ne peut pas m’empêcher d’étudier.

Elle esr très dynamique cette jeune fille. A voir ce qu’elle fait, elle constitue un exemple pour ces élèves qui croisent leurs bras. Nous l’encourageons.

MenyaNews.

menyafoundation@gmail.com

Information

Les jeunes talentieux et la création de l’emploi

Par Rénovat Ndikumwenayo

C’est la pure réalité que la jeunesse burundaise est menacée par le chômage et la pauvreté. Toutes fois, il y a ceux qui servent d’exemples sans même l’appui de l’Etat. Au lieu de croiser les bras faisant semblant d’avoir manqué quoi faire, il faut penser a utiliser les moyens à notre portée de mains.

Nsabimana Cyprien, âgé de trente ans est détenteur du Diplôme de technitien A2 en juridique. Il est originaire de Mabanda en province de Makamba. Il nous a révelé qu’ après ses études secondaires, il n’a pas attendu d’être embauché par le Gouvernement. Il s’est donné corps et âme pour savoir comment fabriquer du savon. Nous lui avons approché et il nous a fait savoir: » Après mes études, je me suis lancé dans mes affaires car j’étais vexé par ces chômeurs qui sont eparpillés un peu partout. J’ai fondé une association de vingt cinq jeunes chômeurs appelée Terimbere. La fabrication des savons de bonnes qualité a fait que ces jeunes soient rémunerés de 50.000 BIF par mois. Ils ne sont plus chômeurs. J’ai commencé avec un capital de 18.000 BIF. La première fabrication m’a donné un bénéfice de 7000BIF. Je fabrique le savon de lessive qui constitue un besoin primaire de la population. Je me suis déjà procuré d’une parcelle, un matériel de fabrication (Format). Tout ça résulte du projet. J’ai eu des formations de la part de Youth Glob et de l’Association Biblique Burundi qui m’a même certifié. Mon appel aux jeunes comme moi est de changer la mentalité. Attendre d’être embauché par l’Etat, c’est une perte de temps. Il faut se servir du peu à notre disposition afin de créer au minimum un emploi ».

Initiateur formateur

Ce titre de Initiateur Formateur lui est attribué par le Directeur des recherches. Ce dernier a dit: » Cyprien est parmi les chercheurs du Burundi ». Il a pu envoyer deux jeunes bien formés pour travailler dans l’Association CANDERA à Bujumbura où le logistique qui leur est donné leur fait oublier le chômage. Il travaille en synergie avec l’Association des Jeunes Africaines Progressistes AJAP où il joue le rôle de formateur.

Il est a signaler que son courage montre qu’il y a des jeunes créatifs, courageux et même patriotiques capables de réaliser leurs propres projets et de créer de l’emploi. Qu’il sert d’exemple à ceux qui croisent les bras. L’Etat voudrait bien soutenir les jeunes talentieux et de les encourager. Soutenir de telles associations crée d’emploi. De surcroît, elle peut même travailler dans toutes les provinces du pays et lutter contre le chômage

MenyaNews.

innovations

What is Menya?

Who we are

Menya is an organization. It will sharp entrepreneurs. Since it was known that some of the entrepreneurs and some leaders of local organizations don’t know how to organize activities, this organization will help them in foraknowledging. When it is impossible to make difference between mission, vision and objectives, this issue is very ununderstandable. Menya is here to clarify that. Menya is divided in two defferent parts:

Menya Foundation

Menya Newes Paper.

A. Menya Foundation

The great commission of thi Foundation is to foundraise in order to help leaders and entrepreneurs to know what they are doing. It works as a Social Entreprise. It will evene help Organization

B. Menya News Paper

When the Foundation is sharping entrepreneurs, it is of great importance for it to see its activities being known by everyone. All activities of the foundation will be wrote, the activities of the entrepreneurs will be published.

What we do and how we work.

Like it is said above, the task of Menya Foundation is to sharp entrepreneurs and Leaders of local organizations, cooperatives and entreprises. The certificat will be awarded to beneficiaries.

Menya News Paper will write your story. They will let us know their departure, their continuation and their achievments. They will let us know the problems they encountered in their entrepreneurship jony. The story will be posted at Social network. An other branch will be printed to be read by they that don’t use Social Networks. We are a social entreprise. If you want to be sharp, join us

Menya Foundation

Menya News Paper.

@MenyaFoundation

Information

Bukebuke ni rwo rugendo

Canditswe na Felix Ndereyimana.

Alice Habonimana ni umuyabaga w’imyaka 22. Yavukiye mu ntara ya Bujumbura Rural, Zoni Ruyaga no ku mutumba Bigwa. Uravye ivyo ariko arakora, urabona neza ko ari ku kivi. Ni umunyeshure, afise uruganda ruhingura ibirimwa, ni n’umudandaza. Biboneka ko ariko arategura kazoza keza.

Woshobora kwibaza uko abigenza kugira akore ivyo vyose. Igihe Menya NewsPaper yamubaza ngo avuge ingene abigenza, yishuye ati: » Mu 2008 nari mfise imyaka 12. Ishirahamwe mpuzamakungu Care, mu mugambi waryo Ishaka ryaratwigishije kuziganya amahera make make. Ku ndwi twahamagarirwa kuziganya n’imiburiburi F200. Intumbero kwari ukuziganya F10.000. Tugitangura twibwira ko ari make. Inyuma y’amezi makeyi, narasavye ingurane nca ntangura kurangura ifu y’imyumbati kudandaza. Ndayimaze naca nsubiza ya ngurane. Naraheza nkaka iyindi yisumbuye kurusha imwe ya mbere. Naciye nongerako umuceri. Uko imisi yagenda ni kwo ibintu vyiyongera. Nahavuye nongeramwo ubuyi, ibiharage, ifu y’ibigori, n’ibindi vyinshi. Mfise abakiriya benshi ku buryo nshobora kurangura kabiri canke gatatu mu ndwi. Mfise umutahe urenga umuriyoni w’amarundi.

Amahera ntiyombuza amashure.

Benshi bibwira ko atamuntu yodandaza akongera akiga. Kuri jewe birashoboka. Mfata ipikipiki canke umuduga nkaja kurangura. Hageze ko nja kw’ishure, mu nzu y’idandarozo ndahasiga umukozi. Ngarutse nca nza kudandaza. Iyo nja kw’ishure, birashika nkahagenda n’amaguru canke ngafata umuduga. Bivana n’ingene nihuta. Abavyeyi banje ni bo bandonsa ivya ngombwa vyo kw’ishure. Ariko rimwe rimwe ndabafasha mu vyo nshoboye. Nta ngorane mfise kuko mbona n’ivyigwa ndabitora. Iyo ntari kw’ishure mba ndiko ndadandaza. Vyumvikana ko niga mw’ijoro gusa.

Uburimyi no guhingura ivyeze.

Hambavu y’amashure n’ubudandaji, ndi umurimyi. Ndafise ihinguriro rimfasha guhingura ivyo narimye. Nshoboye guhingura umutobe w’ivyamwa hamwe n’inyongeraburyohe yo gushira mu bifungurwa. Biraryoshe cane. N’ibi biratuma umutahe uduga. Kubera uburimyi, ndi muri batatu bazoserukira Uburundi mu gihugu ca Benin. Bimwe mu vyo mpongura turabifungura. Abigeme bo muri kino gihugu bibwira ko badashoboye. Uwo wari umuco. Ibintu vyose vyarahindutse. Na bo bakwiye guhindura izo nyifato. Notera akamo abigeme nkanje hamwe n’urwaruka ko bohaguruka bagakora. Ni vyo bizotuma bataguma bazeye inze. Dukure amaboko mu mpuzu ».

Vy’ukuri, biraboneka ko uwu muyabaga yobera abandi akarorero.

Menya NewsPaper

Information

Menya ni iki?

Menya ni Ishirahamwe ryishinze gufasha abafise ivyo bakora hamwe n’abarongoye amashirahamwe kugirango bamenye iyo bava n’iyo baja. Ibi vyashizweho kubera vyabonetse ko hari bamwe muri abo badatahura ivyo barimwo, haba n’uko bazi uruhara rwabo mw’iterambere. Menya irimwo ibice bibiri:

Menya : ishirahamwe;

Menya : ikinyamakuru.

A. Fondasiyo Menya

Ni ishirahamwe ryitaho iterambere ry’umukozi. Rizododora hirya no hino kugira bikunde rikarihirize ubwenge abari ku kivi. Baba abarongoye amashirahamwe canke abikorera ku giti cabo, bose bazokarihirizwa ubwenge.

B. Ikinyamakuru Menya

Kijejwe kwandika ibikorwa vy’ishirahamwe hatibagiwe n’ivy’abari ku kivi. Mu yandi majambo, ni co kizotangaza ibizoba biriko birakorwa

Bizogenda gute?

Bivanye n’uko abantu bagabuye mu mice ibiri: Abakoresha urubuga n’abatarukoresha, inkuru izotangazwa mu buryo bubiri nyene. 1. Kwandika ivyakozwe bigashirwa ku mbuga ngurukanabumenyi; 2. Kwandika ivyakozwe bigasohorwa maze bigasomwa na bose.

Vyumvikana ko Menya izoterera mw’iterambere rirama. Aha, hazokwandikwa inkuru zatohojwe neza, zerekeye iterambere. Ibi bisigura ko zizoba ari inkuru zivuga ibintu biboneka.

Bizogenda gute?

Uwuri ku kivi wese yipfuza ko ivyiwe bitangazwa azobitumenyesha aciye ku muhora (…). Hazoba hakenewe amakuru y’ingene yatanguye, ingene yabandanije, ivyamworoheye, ivyamugumiye, ivyo amaze gushikako hamwe n’ivyo yipfuza gushikako

Ntugume ukorera mu gifuri. Sokoroka uje ahabona.

Uwushaka umuce acika ijoro, uwushaka umubira abira akuya.

Tel +257 77785268

Mail