Twahisemwo kwishingira amahinguriro

Nzoyihaya Benjamin ati:”Twebwe urwaruka 11 rwo muri Centre de Formation Professionnel de Kigobe tumaze kwihweza no gusuzuma neza twasanze ko aha mu gihugu cacu abarimyi benshi barima bakongera bakorora, ariko umwimbu wabo ukononekara kubera ubuhinga buke bwo kuwubima no kuwuhingura kuburyo bashobora kuzowikorako no mugihe kizoza, eka ndetse usanga bahurumbira ivyahinguwe hanze y’igihugu kandi natwe dushobora kwihingurira uwacu tukanawushora mu makungu maze bigateza imbere ico gisata c’uburimyi n’ubworozi eka mbere n’igihugu muri rusangi.

Twiyemeje gushira inguvu n’ubumenyi dufise dufise hamwe mu bijanye no kurima no guhingura. Twahavuye dushinga ishirahamwe ryo kurima no guhingura “Union des Jeunes en Profession d’Agriculture et de Transformation”(U.J.P.A.T) kugira dutegure kazoza keza narirya ari twe Burundi bw’ejo. Dushinze iri shirahamwe kugira ngo turime twongere duhingure.
Dukorera i Bujumbura, komine Ntahangwa, zoneGihosha, quartier Kigobe avenue Muhabo.
Twse twize aho nyene muri cfp kigobe ivyo guhingura ivyavuye mu burimyi.
Turarima: pastèques, ibigori, umuceri
Turamaze kugurisha umurima wa pastèques twari twarimiye ku muzinda muri komine ya Mpanda mu ntara ya bubanza. Twabikoze mu ntumbero yo kurondera uburyo bwo kwitegurira kurima ibindi biterwa twipfuza kuzorima no guhingura( ibigori,umuceri,pastèques, soja, ibizinu). Turamaze kwiga ivyigwa bijanye no kwiyungunganya twaronkejwe n’ishirahamwe “BCIE”. Vuba cane tukaba tugiye kuronswa ama certificats. Ubu turiko turarima ibigori na soja muri komine gihanga mu ntara ya bubanza, umuceri muri komine ya rugombo mu ntara ya Cibitoke.
Vuba cane tugiye kuronswa inyigisho zo kurima ibizinu no kubihingura ku buryo bivamwo umutobe w’akamaro ku magara y’abantu.
Twipfuza kurima ahantu hanini hashoboka kuko ubu turima hato cane kandi ntituraronka uburyo bukwiye bwo kurima ibiterwa vyose twipfuza kuzorima no guhingura. Muri kazoza, inyuma yo kurima ivyo biterwa tuzoca twitegurira gutangura guhingura uyo mwimbu, aho twipfuza guhingura: ifu y’ibigori ivanze n’ifu y’umuceri y’akanovera kadasanzwe ifise ibikwiye vyose. Mu bijanye n’amagara y’abantu, amata ya soja yakanovera narirya afise akamaro kanini ku buzima bwa muntu, umutobe wa pastèque utavanze n’ikintu na kimwe, umutobe w’ibizinu uzokoreshwa nk’umuti wo kuvura indwara zitandukanye no mu ngaburo.
Twipfuza ko twoshika mu zindi ntara na cane cane mu biyaya vy’imbo na kumoso kubera twabonye ko muri ubwo burere ariho ivyo twipfuza kurima bihaba kuruta ahandi. Ubu dukorera aha i Bujumbura nk’ahari ibiro gusa, tukarimira i Bubanza na Cibitoke gusa. Twipfuza ko uyu mugambi woshika Kure ku buryo urundi rwaruka rufise ubumenyi mu vyo kurima no guhingura bifatanya natwe tugashira inguvu hamwe nubumenyi hamwe nuburyo maze “tugahaguruka tugateza imbere umwuga” nk’uko icivugo cacu kiri.
Naho twababwiye ukwo, ingorane zozo ntizibuze. Umurimyi w’umurundi nta buryo bukwiye afise bwo kuronka ivyankenerwa mu burimyi( amase y’ikirundi, umwavu w’ikizungu, imbuto nziza, itongo rimera, amazi yo kunywesha mu gihe imvura itabonetse, imiti yo gupompa imirima, …) Turahura ningorane zijanye n’ukuntu twobika umwimbu turonse tukanaronka aho twowushora kugira udufashe kwikenura. Ivyo biva ahanini ku kuba ata polike ikwiye yo gutorera umuti ivyo bibazo bihanze twebwe abarimyi.
Natwebwe rero mwishirahamwe ryacu izo ngorane turazifise.

Ndateye akamo leta biciye mu bushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, amashirahamwe yaha iwacu n’ayo mu makungu akorera mu gisata c’uburimyi n’ubworozi kudufasha mu kuduterera, umwavu , imbuto, itongo ryagutse kandi rimera, kuturonderera amasoko twoshoreramwo umwimbu tuzoba twahakuye. Hari Vyinshi tugikeneye kuko turacari hasi cane: ikibanza tuzoshingamwo ihinguriro, Ibiro vyagutse twokoreramwo kandi irimwo ibikenewe vyose, amamashini tuzokoresha mu guhingura wa mwimbu wacu, gukarihizwa ubwenge mu buryo buhanitse ku buryo ivyo tuzohingura bizoba ibintu vyiza kandi bishobora gushoka hanze maze bitange ishusho nziza ku gihugu cacu, bikizanire amafaranga y’agaciro igihugu, kimenyekane, gitere imbere, bibere akarorero abandi barimyi baha iwacu no mu makungu narirya abenshi bacitse intege.
Ndateye akamo leta ,amashirahamwe y’aha iwacu, amashirahamwe mpuzamakungu, abagiraneza, n’abo bose bobishobora kudufata mu mugongo no kutuba hafi muri vyo vyose dukeneye narirya tukiri bato muri ivyo Ku bovyipfuza boturondera ku numéro ya téléphone:,+25769581022, canke agaca kuri email benjaminzoyi1994@gmail.com, abishimye yoshikana agatererano kiwe ku numéro ya konte yugurujwe muri microfinance CECM 34838 U.J.P.A.T-Burundi”

Menya Foundation

Menya Magazine

Published by menyasite

Social Entreprise

Leave a comment