News

Unyihaye ndakwakira

Ndi Nzara kandi nkundwa na benshi. Naho nzi ko banyikwegera batazi iyo nzobageza, mfise abagenzi benshi. Sinipfuza ko noshika mu nzu yawe kuko woca ubona ko hari ico uhajije.

Ni jewe Nzara nzirika ubwenge bw’abantu ku catsi. Reka nkubwire abankunda kurusha abandi : Ndakundwa n’abantu bamaze amashure yisumbuye hamwe na Kaminuza bishinga bareze amaboko barindiriye akazi, nyamba bibaza ko kazokoroka kava mu kirere. Ndakundwa n’abishinga kuja mu ma reresi, ntibagiye abirirwa barakina akamari. Ntuze wigere wipfuza ko noshika mu muryango wawe, kuko ni nahashika vyose bizohinduka. Ndashimira ba bwenge buke bakomeza kurindira umusi bazoronka umutahe ukuze, ariko bakirzngagiza ko ntafise umwanya wo kubarindira. Abo ni bo bavugizi banje kuko ari ibinebwe. Jewe ndazi ko benshi bantinya, ariko ntibabona neza ingene bontsinda. Ndatinya barya bantu babonye babuze akazi bakiyemeza gutangura ibintu bakora ariko bidabuye n’ivyo bize.

Abarinsiriye gutangura Ejo ni murindire, ariko mumenye ko inzara yoyo itabihanganira. Haguruka tuje ku kivi.

Menya Foundation

Menya Magazine

Gitega Burundi

Publicités

Répondre

Choisissez une méthode de connexion pour poster votre commentaire:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s