Ibiti vy’amavoka biragwizwa ariko amavoka agakena !

IMG_20160207_141719

Abarundi n’abarundikazi barakunda gufungura icamwa citwa “ivoka”. Imiryango nka yose irafungura ico camwa. Aho ukugwanya inzu zari zisakaje ubwatsi (kugwanya nyakatsi ) gutanguriye, ibiti vy’amavoka vyariciwe. Vyifashishwa mu guturira amategura, bica bituma amavoka akena.

Kuva mu mwaka w’ibihumbi bibiri na gatanu, haratangujwe umugambi wo kugwiza ibiti vy’amavoka mu gihugu cose. Umuntu wese yari yiruhukije kuko yibwira ko amavoka azoca azimbuka. Emwe, mpera umbone !!!!

Umugambi mwiza ata co wamaze.

Uko iminsi yahera, ni kwo uwo mwizero wagabanuka.
Abanyagihugu ntibigeze bafata uwo mugambi nk’uwabo, ivyo bituma ko uwo mugambi, aho gutera uja imbere, wateye uja inyuma ku buryo buteye ubwoba. Hari hageze aho umuntu wese ashobora gufungura icamwa atarinze kukigura amahera y’umurengera. Ariko, Vyabaye igihushane.

Icatumye bigenda nabi.

Ntakindi catumye bigenda ukwo, ni politike y’uburundi. Bamwe babifatanije n’imigambwe abandi benshi babifata nkaho vyohavuye vyama amavoka afise ibara ry’umugambwe. Abari mu mugambwe uri ku butegetsi barahimbarwa n’uwo mugambi. Ivyo biti vy’ivyamwa vyahabwa bose, atakuraba umugambwe. N’ivyatewe ku mabarabara, ntibasobanura. Mu gihe abari mu mugambwe uri ku butegetsi babibona nk’iterambere, iyindi migambwe ntiyabibona ukwo. Yabifashe nk’amayeri uwo mugambwe uri ku butegetsi wadukanye kugira ubatware abanywanyi.
Mu gihe co gutanga imivyaro, abatari mu mugambwe uri ku butegetsi “batiyemera” barayitora, ariko ntibayitere. Abiyemera ntibaja kuyitora. Hahavuye haduka umugambi mubi wo kumomora ivyo biti. Umwungere yari aragiye mu gitara c’amavoka, ndamubaza nti:” Ni kubera iki uragiye mu gitara c’amavoka”? Yanyishuye ati:” Nzoharagira nyene kuko simenya iyo amavoka aja”. Ivyo biti vy’ivyamwa vyarononywe ku buryo ubu womenga ntacigeze gikorwa. Kare wifitiye amahera mirongo itanu, warashobora kugura amavoka akwiye. Ariko ubu, hari amasoko amwe amwe usanga wopfuma usuma umuceri ha ko ugura ivoka.
Ayo masoko ariho no mu ntara ya Gitega, aho kugira usume icamwa Kimwe ciza , utegerezwa kuba ufise n’imiburiburi amahera amajana atatu. Aha nkibaza nti:” Ni kuki ibiti vy’amavoka bigwizwa ariko amavoka agakena “?

Uruhara rw’abajejwe intwaro.

Abajejwe intwaro bamwe bamwe nta na kimwe bakoze kugira uwo mugambi utere uja imbere. Naho ivyo biti vy’ivyamwa vyaterwa ku mabarabara, ubu biragoye kubona igiti kikiriho.

Kubera ivyo biti vyafashwe minenerwe, vyagiye birahona.

Icatumye amavoka atangura gukena.

Ibiti vy’ivyamwa vy’ibirundi vyariciwe kugira biturizwe amategura n’amatafari vyakoreshwa mu mugambi wo “kugwanya nyakatsi”. Ivyo vyaratumye amavoka aba akananirabahinga.

Icokorwa kugira ivyamwa bisubire biboneke

Kugira ivyo biti bikingirwe, hakwiye gishirwaho itegeko, hamwe utemye kimwe ategekwa gutera bibiri.

Ntivyumvikana ukugene ibiti vy’ivyamwa vyogwizwa, ariko ivyamwa bikaba umuzi w’ibuye. Turakwiye gutahura ko umugambi nk’uwo ata sano ufitaniye n’imigambwe. Tukamenya ko umugambi nk’uwo ari iterambere rya bose.

Duhindure ivyiyumviro kugira tugane kw’iterambere rirama.